Imvo n'imvano ku ba-Influencers mu Burundi

Insiguro y'amajwi, Imvo n'imvano ku ba-Influencers mu Burundi
Imvo n'imvano ku ba-Influencers mu Burundi

Mu kiganiro imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 2 ukwezi kwa gatanu 2026 turabira hamwe aba-Influencers canke aba influenceurs, ni amajambo tudafise mu Kirundi ariko asigaye azwi cane n'abakoresha imbuga hwaniro.

Gasigaye ari akazi canke umwuga umuntu yovuga ko ari mushasha ariko uriko urahurumbirwa na benshi. (Biragoye kuronka izina umuntu yobita mu Kirundi).

Abo bantu hari ababashira mu mugwi w'abamenyeshamakuru bo ku mbuga hwaniro, kandi na bamwe muri bo bemeza ko ari abamenyeshamakuru. Ariko mu vy'ukuri none ni abamenyeshamakuru?

Abo bantu bari mu migwi myinshi. Hari abamamaza ibintu n'ibintu, abamenyekanisha abantu ku giti cabo ( nk'abaririmvyi), kandi bakabihemberwa. Uko babikora ni ho hari ikibazo co kumenya ko vyisunga amategeko kandi ata we bihutaza.

Gushika ubu, nta tegeko rihari rigenga uwo mugwi w'abantu mu Burundi ariko barakora ukuri kwamye.

Muri kino kiganiro rero turarabira hamwe aba 'Influenceurs' abo ari bo koko, akazi kabo nyako n'aho batandukaniye n'abamenyeshamakuru. Turanaraba ingaruka nziza na mbi ku kazi bakora.

Ni ikiganiro mwateguriwe na Cyriaque Muhawenayo.

Mu batumire biwe, harimwo umwe mu bakora uwo mwuga ku mbuga hwaniro Simbizi Idris, Armel Ishimwe, yigisha ivyigwa bijanye n'ukumenyesha amakuru muri za kaminuza zitandukanye, akaba yaragize n'ubushakashatsi ku ruhara rw'imbuga hwaniro ku vyiyumviro n'inyifato vy'abantu, Fidélité Ishatse, umumenyeshamakuru asanzwe afasha mu kunagura abamenyeshamakuru, hamwe kandi n'umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru mu Burundi, Jerome Ndikuriyo.