Champions League : Babiri bapfuye abarenga 190 barakomereka inyuma y'intsinzi ya PSG mu Bufaransa
Abantu babiri bapfuye abandi amajana n'amajana barahagarikwa mu gihugu cose mu Bufaransa biturutse ku bafana ba Paris Saint-Germain (PSG) bariko bigina intsinzi y'uno murwi mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (ligue des champions/Champions League) mu rukino rwaraye rubeye i Munich mu Budagi, nk'uko bitanganzwa n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati .
Mu gisagara ca Dax kiri mu bumanuko bushira uburengero, umusore w'imyaka 17 yishwe acumishwe imbugita mu gikiriza, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.
Umugabo w'imyaka 23 na we yariko agendesha agatorori (scooter) hagati ku mugwa mukuru Paris yishwe agonzwe n'imodoka, nk'uko bivugwa n'ibiro vy'umushikirizamanza.
Ibimuri vyaradometswe ibishashi biturika bikarekura imbeya (feux d'artifice/fireworks) navyo biraraswa mu kirere, ubwugamo bw'abarindiriye imodoka zo kwiyunguruza burasamburwa, amamodoka na yo araturirwa muri ivyo birori vy'agahomerabunwa, aho PSG yatsindiye igikombe ca mbere gikomeye mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru rihuza imirwi ku ncuro ya mbere kuva ibaho.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati w'Ubufaransa yabwiye ibinyamakuru ko abantu 192 bakomeretse, 559 na bo barahagarikwa, harimwo 491 i Paris.
Ibiro vy'umushikirizamanza w'i Paris vyabwiye BBC ko abapolisi babiri bakomerekejwe n'ibishashi burekura imbeya batewe ku kibanza citiriwe Place des Ternes; mu gihe "amaduka atari make yasahuwe" muri ako karere nyene.
Abantu bababa 30 bahagaritswe bajanwa mu gasho hafi y'imangazini ya Foot Locker kw'ibarabara Champs-Elysées yasahuwe, nk'uko ibi biro bibivuga.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nubwo hadutse izi mvururu hafi y'ibarabara riri hafi ya Champs-Élysées no ku kibuba ca PSG Parc des Princes, benshi mu bafana biginye iyi ntsinzi ya PSG y'ibitsindo 5 ku 0 bwa Inter Milan mu mahoro, aho benshi batamba, baririmba canke bavuza amahona y'amamodoka yabo.
Umunara Tour d'Eiffel wari usharijwe n'amatara y'amabara y'ubururu n'ayatukura, ari na yo mabara ya PSG.
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa, we akaba ari umufana akomeye y'umurwi w'abakeba wa Olympique de Marseille, yanditse kuri X ati: "Umusi udasanzwe kuri PSG! Bravo, twese turabishimiye. Paris, umugwa mukuru wa Bulaya kuri uno mugoroba".
Abapolisi bababa 5.400 bari banyanyagijwe mu gisagara cose ca Paris mu kwitegurira imvururu babona ko zari kwaduka muri ibi birori vyo kwigina intsinzi.
Abantu bababa 300 bahagaritswe bagirijwe kuba bafise ibishashi birekura imbeya no guteza akajagari, nk'uko bivugwa n'igipolisi c'I Paris.
"Abateje imvururu kuri Champs-Elysées barondera guteza umudugararo hanyuma bahangana n'igipolisi bagitera ibishashi birekura imbeya n'ibindi bintu", ni ko iki gipolisi kivuga mw'itangazo.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bivugwa ko igipolisi kijejwe gutuza imigumuko cakoresheje ibikoho bitera amazi hamwe n'ivyuka bikoroza amosozi mu kuzibira ikirwi c'abantu bariko barondera gushika ku kibanza citiriwe Arc de Triomphe.
Izindi mvuruzu zivugwa hagati y'igipolisi n'abari muri ibi birori kw'ibarabara rya boulevard périphérique de Paris. Imodoka nibuza zibiri zaturiwe hafi ya Parc des Princes.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Bruno Retailleau yarakajwe n'izi mvururu, aho yanditse ku mbuga hwaniro ati: "Ni vyo ko abafana ba PSG bariko bigina urukino ruteye igomwe rw'umurwi wabo.
"Hagati aho, ibitandero vyihaye amabarabara y'i Paris bakora amabi basotora n'abapolisi.
"Birababaje cane kubona tutagitinya no kwiyumvira gukora ibirori tudafise ubwoba bw'uruhagarara rw'uturwi tw'abantu b'imihimbiri ataco bubaha".

Ahavuye isanamu, Reuters
Hagati aho, hanze ya Paris, igipolisi kivuga ko imodoka yihuruje mu murwi w'abafana ba PSG i Grenoble mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubufaransa, ikaba yakomerekeje abantu bane.
Igipolisi kivuga ko abakomeretse bose ari abo mu muryango umwe. Babiri bakomeretse cane.
Umushoferi yaciye yishikana ku gipolisi akaba yaciye ahagarikwa. Isoko riri hafi y'abajejwe amatohoza ryabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko yoba atabikoze n'ibigirankana.
Vyitezwe ko umurwi PSG ugira urugendo rw'intsinzi kuri Champs-Elysées i Paris kuri uno wa Mungu, aho ibihumbi mirongo vy'abafana bitezwe kuhahurira kugira birabire umurwi utahutse.
Ibiro vya Macron bivuga ko aza kwakira uno murwi watahukanye intsinzi kuri uno wa Mungu kugira ngo abakeze.














