Ebola : Abanyamerika indwi bashizwe ukwa bonyene mu kigo co muri Kenya – Ishirahamwe ry'abagiraneza

Ifoto yegereye y'umukozi wo kwa Muganga afise mu minwe igikoresho gipima ubushuhe bw'umubiri.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Repubulika ya Demokarasi ya Kongo ni yo iri kw'isonga mu bihugu vy'akarere birangwamwo Ebola, n'ubwo hari abantu bakeya babonetse no muri Uganda.
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Abakozi indwi b'Abanyamerika bahora mu bikorwa vyo kurwanya Ebola muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) baherutse gushirwa ukwa bonyene mu kigo cabigenewe kiri muri Kenya, inyuma y'uko reta ya Amerika ishizeho amategeko akomeye abuza abantu bahora mu bihugu birimwo ico kiza gushoka binjira ku butaka bw'ico gihugu.

Ivyo bishikirizwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, risubiramwo amakuru ryabwiwe n'ubuyobozi bw'ishirahamwe ry'abagiraneza ryo muri Amerika ryahora ribakoresha.

Abo Banyamerika indwi babaye abantu ba mbere bashizwe muri ico kigo cari ciyamirijwe cane muri Kenya, urubanza rucerekeye rukaba rugeze muri sentare. Sentare yari yategetse ko ibikorwa vyo kucubaka no kugitunganya bibanza guhagarara mu kurindira ko urubanza rucibwa.

Yamara vyarabandanije, nk'uko vyemezwa na Reuters yisunze ibishikirizwa n'abategetsi ba Amerika hamwe n'amashusho yafashwe n'ibigendajuru.

Amategeko mashasha ya Amerika avuga ko umunyagihugu wese wa Amerika avuye muri RDC, ahamaze imisi harangwa ikiza ca Ebola, ategerezwa kumara indwi zitatu mu kindi gihugu imbere yo kwemererwa kwinjira ku butaka bwa Amerika.

Ico kigo gitaramurirwamwo abantu, cubatswe na reta ya Amerika mu kigo c'igisirikare co mu kirere kiri hagati muri Kenya, kigenewe Abanyamerika banduye Ebola canke bashobora kuba barahuye n'abayirwaye muri RDC na Uganda. Ariko iyo ngingo yashavuje Abanyakenya benshi, bavuga ko Amerika iriko irungikira Kenya akaga k'amagara kajanye no kwitaho abantu bayo bashobora kuba baranduye.

Mu kwezi guheze, umushikiranganji wa Kenya ajejwe amagara y'abantu yatangaje ko ibikorwa vyo kwubaka ico kigo bihagaritswe buno nyene, inyuma y'aho sentare imwagirije icaha co gusuzugura amabwirizwa yayo mu kutubahiriza ingingo yari yafashe yo guhagarika ivyo bikorwa.

Yishura ku bibazo vya Reuters, Franklin Graham, arongoye ishirahamwe Samaritan's Purse, yagize ati: "Samaritan's Purse rifiseyo [muri ico kigo] abakozi indwi b'Abanyamerika bo mu murwi ujejwe gutabara mu bihe vy'ivyago."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yongeyeko ati: "Nta n'umwe muri bo afise ibimenyetso vy'indwara, ariko barashizwe ukwa bonyene na reta ya Kenya mu kiringo c'imisi 21."

Umutegetsi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika na we yabwiye Reuters ko umurwi w'Abanyamerika batagira ibimenyetso vya Ebola, bahora ku murongo w'imbere mu kurwanya Ebola, "wihitiyemwo kuja muri ico kigo kiri muri Kenya kugira bakurikiranwe bongere bashirwe ukwa bonyene."

Yavuze kandi ko "abategetsi ba Kenya bemereye abo bantu kwinjira muri ico kigo, aho bariko bakurikiranwa n'abaganga b'igisata ca Amerika kijejwe amagara y'abantu."

Yabandanije avuga ko iyo ngingo yafashwe "mu kwiyubara kudasanzwe."

Abategetsi bo mu bushikiranganji bw'Amagara y'Abantu muri Kenya ntibashotse bishura kuri terefone canke ku butumwa bwa Reuters bwabasaba kugira ico babivuzeko. Umutegetsi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire w'iki gihugu na we yavuze ko ata makuru abifiseko.

Uwundi muntu azi neza ivy'ico kibazo, adashaka ko amazina yiwe amenyekana, yavuze ko uwo murwi washitse muri ico kigo kiri hagati muri Kenya ku wa mbere, kandi ko barara ku bitanda vy'abasirikare mu mahema.

Avuga ko bamwe muri bo bari abakozi bo kwa muganga bakorera ku murongo w'imbere mu kurwanya Ebola mu bigo vy'ubuvuzi vy'ishirahamwe rukirisu rifasha imbabare, mu gihe abandi bakora ibindi bikorwa bidasaba guhura n'abarwayi, nk'ivyo kwubaka.

Yagize ati: "Hari umuntu umwe ashobora kuba yarahuye n'akaga gakomeye ko kwandura." Yongerako ko amagara yabo ariko arakurikiranwa. Avuga kandi ko abategetsi ba Kenya batabemerera gusohoka ico kigo canke kuja ahandi hose mu gihugu.