Imyuzure muri Nepal: Abarenga 600 baramaze gupfa

Ahavuye isanamu, Reuters
Igisata kijejwe gukinga ibiza n'isibe muri Nepal NDRRMA kimenyesha ko abantu 626 ari bo bamaze gupfa mu gihe abandi baharurwa mu bihumbi bakironderwa.
Iyi myuzure yatanguye ku wa gatatu izanana inguvu ziri ku rugero rudasanzwe, aho amazi avanze n'ivyondo vyinshi yashungurutse avuye mu burere buhanamye ashwara ibiyaya n'ububande, ahasanzwe hari imihana myinshi.
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Nepal yavuze ko uburere bwakozweko ubu bwose bwahindutse nk'imyonga ubundi nabwo bukaba busigaye ari ibishanga. Ni mu gihe igihugu citeguriye iyindi myuzure umwanya uwo ari wo wose.
Shisir Khanal yashimangiye ko ivyo igihugu kiriko kirihutira kuruta ibindi muri iki gihe, ari ukurondera ababuzwe irengero no gutanga imfashanyo.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, yavuze ko abantu 4.451 bamaze gutabarwa. Muri bo harimwo abanyamahanga 187.
Ku bijanye n'igikorwa co kurondera abarokotse, yavuze ko imirwi ibjejwe gutabara, abaganga hamwe n'iyindi mirwi yose ifise ico ishobora gufasha, bariko bakorera hamwe kugira ibikorwa binyaruke kandi bigende neza.
Yongeyeko kandi ko abategetsi bariko bakorana n'imiryango kugira ababuzwe irengero bashobore kumenyekana bose, mu gihe abaserukira ibihugu vyabo muri Nepal na bo bariko bafasha mu guhanahana amakuru n'imiryango y'abanyamahanga babuzwe irengero.
Mu gihe hari impungenge ko hashobora kuba iyindi myuzure, Khanal yavuze ko ico kibazo kiriko gikurikiranirwa hafi kandi ko ako karere kari mu « gihe co kuba maso cane ».
Yemeza ko uburyo bumwe bwonyene bwo gushika mu turere twatewe n'imyuzure, ari ukugenda n'indege za kajugujugu. Ingorane nyamukuru ni uko hamwe hamwe ubutaka bwahindutse « ibishanga », ku buryo kajugujugu zidashobora kuhatura.
Yavuze ko bariko bararondera ubundi bufasha, kandi ko iyindi mirwi y'abatabazi ituruka mu Bushinwa yitezw













