Kabila avuga ko RD Congo 'iri mu kaga', asezerana gutanga ivyiyumviro vyo 'kuyikiza'

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Joseph Kabila yahoze ari Perezida wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo yavuze ko igihugu "kiri mu kaga", asezerana gushikiriza ivyiyumviro vy'ingene "cokizwa", mw'ijambo yanebaguyemwo cane ubutegetsi bw'uwamusubiriye.
Mw'ijambo yashikirije ku wa gatanu, Kabila yagirije ubutegetsi bwa Perezida Félix Tshisekedi gutuma umutekano urushiriza guhungabana, kunumya abatavuga rumwe na bwo no guhonyanga ibwirizwa shingiro. Yavuze ko mu masaha, imisi n'indwi biri imbere azosigura ico Abanyecongo bakwiye gukora, ariko ntiyatanze umugambi utomoye w'ingene ivyo vyoshirwa mu ngiro.
Ayo majambo aje mu gihe Kabila yaciriwe urwo gupfa na sentare ya gisirikare ya Congo muri Nyakanga(9) 2025, mu rubanza rwabaye adahari.
Iyo sentare yamwagirije guhemukira igihugu, ivyaha vy'intambara n'ivyaha vyo guhohotera abantu, mu rubanza rujanye n'ivyo yagirizwa vyo gushigikira M23, umurwi uvugwa ko ushigikiwe n'u Rwanda, ivyo Urwanda ruhakana.
Kabila yarahakanye ivyo yagirizwa, avuga ko ubutungane bukoreshwa mu ntumbero za politike. Ntiyitavye urwo rubanza kandi nta munyamategeko yari yamuserukiye.
Mw'ijambo yashikirije , uwo yahoze ari perezida yavuze ko abategetsi birengagije umugambi w'ingingo 12 yari yashikirije muri Rusama(5) 2025. Muri izo ngingo harimwo guhagarika intambara, gusubizaho umwidegemvyo mu vya politike, guhagarika ibikorwa vy'imirwi yitwaje ibirwanisho no gukura ingabo z'abanyamahanga muri Congo.
Yagirije reta kubandanya intambara isa " n'iy'idafise ubushake canke ubushobozi bwo gutsinda".
Yavuze kandi ko amasezerano yo guhagarika intambara yumvikanyweko i Doha atubahirijwe, yongera yagiriza ubutegetsi kubandanya gukorana n'imirwi yitwaje ibirwanisho, harimwo Wazalendo n'umurwi wa FDLR urwanya ubutegetsi bw'u Rwanda.
Kabila yaranebaguye ico yise "kwanka ibiganiro bihuza impande zose", harimwo n'umugambi w'amahoro watangujwe n'inama y'abepiskopi ba Ekleziya Gatolika hamwe n'Ishengero rya Kristo muri Congo.
Yagirije kandi ubutegetsi gupfunga abasirikare bakuru, abatavuga rumwe na reta, abamenyeshamakuru n'abaharanira agateka ka zina muntu ata mvo zumvikana.
Yavuze ko bamwe mu bapfunzwe bapfuye inyuma yo kutaronka ubuvuzi bukwiye. Ariko nta vyemezo yashikirije bishigikira ivyo birego.
Twagerageje kurondera ico reta ya DR Congo ibivugako, ariko ntiyari bwishure gushika igihe iyi nkuru yasohorwa.
Mu bijanye n'ubutunzi, Kabila yavuze ko amadeni ya reta yarenze imiriyaridi 18 z'amadolari y'Abanyamerika, yongera yagiriza abategetsi gushira umukono ku masezerano ajanye n'ubutare ashobora kubangamira kazoza k'igihugu.
Yaragabishije kandi ku mugambi wo guhindura ibwirizwa shingiro, avuga ko vyohungabanya umishinge Repubulika yubakiyeko.
Kabila, yatwaye Congo kuva mu 2001 gushika mu 2019, yavuze ko yasize igihugu ahanini kirimwo amahoro, cunze ubumwe kandi gifise inzego zikora neza.
Ariko ivyo avuga mu gihe yari ku butegetsi biracarimwo impari.
Ishirahamwe Human Rights Watch riharanira agateka ka zina muntu ryarashize ahabona amakuru yerekeye ihohoterwa rikomeye ryakozwe n'inzego z'umutekano mu gihe ca Kabila, risaba ko ababikoze babibazwa.
Iryo shirahamwe ryaraseruye kandi impungenge ku kuntu urubanza rwaciriwemwo Kabila urwo gupfa rwagenze, ryibaza nimba yararonse ubutungane bubereye kuberako atari ahari.
Mw'ijambo ryiwe, Kabila ntiyasiguye ingene imigambi yiwe izoshirwa mu ngiro canke abazogira uruhara muri yo.
Yashimangiye ko gukiza Congo arivyo vyihutirwa, ahamagarira abanyagihugu gufata kazoza kabo mu minwe.
Ariko ingingo ashaka ko zifatwa kugira ico gihugu gikizwe ntarazitangaza.













