"Turaryohewe cane ko dutashe iwacu muri Congo" – Impunzi zatanguye gutahuka

Umugabo n'umugore bari mu batashe bafashe ibendera ry'igihugu cabo bageze ku rubibe rw'Uburundi na RD Congo
Insiguro y'isanamu, Umugabo n'umugore bari mu batashe bafashe ibendera ry'igihugu cabo bageze ku rubibe rw'Uburundi na RD Congo
    • Umwanditsi, Patrick Wasso
    • Igikorwa, Bujumbura, Burundi
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Niko Safi Sadiki yabwiye BBC yicaye mu modoka ya HCR imbere gato y'uko yambuka urubibe hagati y'Uburundi na DR Congo mu kiciro ca mbere c'impunzi zitahutse.

Uwo mugore n'abana biwe batatu batashe iwabo i Luvungi hafi ya Uvira, ariko umugabo wiwe yashimye kuguma mu nkambi ya Busuma mu Ruyigi mu kuraba ibintu uko bizogenda mu misi ya mbere abiwe bashitse.

Safi yavuze ati: "Turaryohewe cane ko dutashe iwacu muri Congo…Ubuzima mu nkambi ntakubesha bwari bwananiye".

Ikiciro ca mbere c'impunzi 470 z'Abanyecongo nico cajabutse umupaka ku wa kane ku muhingamo. Abandi ibihumbi nabo bazokurikira, nk'uko abategetsi babivuga.

Aba ni abahunze indwano zikomeye zabaye mu mpera z'umwaka uheze mu bice ahanini vya Luvungi na Sange imbere y'uko igisagara ca Uvira gifatwa na M23, ikaza kukivamwo hanyuma.

Eno Bukanga wo muri HCR yavuze ko aba bose batashe ku gushaka kwabo ata gahato karimwo.

Ati: "Twebwe tuzofasha impunzi zose zifuza gutaha zitahe, ariko ntituzokwemera ko zitaha ahantu ata mutekano uhari. Abari ngaha bavyumve neza. Abo mubonye batashe duherekeje mpaka aha ku mupaka nuko bagiye mu duce ubutegetsi bw'igihugu bagarutseyo kandi hari amahoro n'umutekano".

Ivyo yabishikirije imbere y'abategetsi barimo Bulamatari Jean Jacques Purusi w'intara ya Kivu y'Epfo baje kwakira izo mpunzi.

Izi mpunzi zivuga ko ubuzima mu nkambi ya Busuma bwari bubakomereye kuko bataroswa imfungurwa, amazi, canke amahere bikwiriye vyo kubatunga.

Umwe yagize ati: "Turasubiye iwacu kuko twumvise hari agahengwe. Aho gupfira mu mahanga canke mu gahinda vyiza nuko wopfira iwanyu kuko inzara n'indwara vy'i Busuma vyari bitumereye nabi".

Bulamatari Jean Jaques Purusi w'intara ya Kivu y'Epfo (yambaye ikaruvati y'umutuku) yahaye kaze abatahutse
Insiguro y'isanamu, Bulamatari Jean Jaques Purusi w'intara ya Kivu y'Epfo (yambaye ikaruvati y'umutuku) yahaye kaze abatahutse

Aba batahutse mu modoka za Toyota Coaster zirenga 12 nayo imizigo yabo itwawe n'amakamyo atanu ya HCR-Burundi.

Richard Uwimana wo ku ruhande rwa leta y'Uburundi yavuze ko "ku ndwi ku ndwi tuzotahukana abangana 2.000", ni kuvuga igihumbi kuwa kabiri, n'ikindi gihumbi kuwa kane.

Mu kwakira izi mpunzi, Jean Jacques Purusi yagize ati: "Kaze murisanze iwanyu benewacu. Muze twubake igihugu cacu".

Inkumbi ya Busuma irimwo impunzi z'abanyecongo zirenga ibihumbi 66 benshi muri b oni urwaruka n'abana.

Abahungutse kuwa kane benshi bari bagizwe n'urwaruka rw'abanyeshure bagiye gukora ibibazo vya leta, n'abakozi ba leta bari bahunze bagiye gusubira mu mirimo yabo.